Uko wahagera

Burundi: Abazotegura Amatora mu 2020 Bamenyekanye


Ifoto yerekana umunyagihugu wo mu ntara ya Ngozi ariko aratora mu 2015. Iruhande yiwe hari umwe mu bakozi ba CENI
Ifoto yerekana umunyagihugu wo mu ntara ya Ngozi ariko aratora mu 2015. Iruhande yiwe hari umwe mu bakozi ba CENI

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ku wa gatanu yarateye igikumu kw’itegeko rigena mu mabanga abantu indwi bagize umurwi mushasha utegura amatora mu Burundi CENI.

Ni inyuma yaho ku wa gatatu inama nshingamateka na Nkenguzamateka vyari vyemeje abo bagize uwo murwi.

Dr Pierre Claver Kazihise, umuhutu wo mw’ishirahamwe ACOPA Burundi ryegereye ubutegetsi, akaba anarongoye ishure rya kaminuza ry’ubuganga INSP, yagenywe mu kibanza c’umukuru wa CENI.

Icegera c’uwurongoye CENI izotegura amatora mu 2020 ni Madamu Annonciate Niyonkuru, umututsikazi wo mu ntara ya Kayanza.

Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta, Philippe Nzobonariba, umuhutu akomoka mu ntara ya Muramvya nawe yagenywe nka komiseri ajejwe inyigisho z’ibijanye n’amatora n’umuvugizi wa CENI.

Jean Anastase Hicuburundi, wo mu bwoko bw’abahutu muri CENI nshasha ajejwe ivy’ubuhinga bwa none “Informatique” no kubungabunga ivyuma bikoreshwa mu matora.

Umushikiranganji ajejwe ugutumatumanako amakuru n’ibimenyeshamakuru Serges Ndayiragije, umututsi wo mu runani amizero y’Abarundi nawe yagenywe mu kibanza ca komiseri ajejwe ubutunzi.

Madamu Hyacinthe Niyonzima umututsikazi wo mu mugambwe UPRONA, muri CENI nshasha ajejwe igisata c’amategeko n’amatati ashobora kwaduka mu matora.

Marguerite Kamana, umuhutukazi wo mu ntara ya Kayanza ajejwe kurondera ibikoresho n’ivyankenerwa vyose vyo mu matora.

Ku wa gatatu aho inama nshingamateka na nkenguzamateka vyemeza uwo murwi, abashingamateka bari mu rurani Amizero y’Abarundi bashimye gukinjura muri ivyo bikorwa.

Pierre Celestin Ndikumana aramutswa umurwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’Abarundi yabwiye ijwi ry’Amerika ko mu vyatumye bakinjura, harimwo ko batigeze bagishwa inama mu gutanga izina ry’uwubaserukira, n’ukuba bahawe ibibanza basigura ko bidakwiye muri CENI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG