Uko wahagera

CENI: Kuki Abarundi Botora Imigambwe aho Gutora Imigambi?


Abanyagihugu mu matora mu Burundi, Bujumbura, 21/07/2015
Abanyagihugu mu matora mu Burundi, Bujumbura, 21/07/2015

Abegwa n'ikibazo c'amatora mu Burundi mu ntara ya Ngozi barasaba umugwi CENI gukora ibishoboka vyose kugira Abarundi batore imigambi aho gutora imigambwe. Mu nama yabahuje n'intumwa z'uyo mugwi kuri uyu wa gatatu, barazisavye gushiraho amategeko aha ububasha bukwiye umugwi CENI.

Muri iyo nama yari yakoranije abajejwe intwaro, ubutungane, umutekano, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n'abarongoye imigambwe ku murwa mukuru w'intara ya Ngozi, umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora wari uramutse wigisha gutsimbataza ingendo ya Demokarasi. Uyu munyapolitike ari mu batumire ati CENI yogira uruhara kugira ibiva mu matora vyisunge imigambi yagiye imbere.

Ko amafaranga y'ingwati isabwa uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ari menshi, uwurongoye umugwi CENI, Dr Pierre Claver Kazihise abona ko uwitoza atoshobora kuronka ayo mafaranga yoba adafise abanywanyi bakwiye. Iruhande y'ivyo, Kazihise amenyesha ko ari itegeko rigomba gukurikizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG