Uko wahagera

Abikekwa ko Batoye "OYA" muri Bururi Barategwa Ubwoba


Agathon Rwasa ari mu bahimirije gutora "Oya"
Agathon Rwasa ari mu bahimirije gutora "Oya"

Bamwe mu banyagihugu bo muri Komine Rutovu y’intara ya Bururi mu Burundi bikekwa ko boba batoye "oya" mu matora yo kwemeza canke guhakana impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro bavuga ko ata munsi wijana badatewe ubwoba.

Abo banyagihugu bemeza ko iryo terabwoba barikorerwa n’abantu batari bamenyereye mu kibano bababwira ko mu gutora "Oya" bahemukiye igihugu bongera barenga umurongo utukura.

Umwe muri abo banyagihugu yabwiye Ijwi ry’Amerika ati: "Abatwikeka baduhora ubusa kuko ivyo twatoye ata n’ivyo bazi. Ico dusaba ni uko ako kageso gahagurukirwa ”

Umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ibibazo vy’intwaro n’akaranga mu Rutovu, Simbare Salvator, amenyesha ko ayo makuru atayo yari bwumve akagabisha uwuzofatwa wese ariko akora iryo terabwoba.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi, CENI, wemeza ko ibice 73.26 kw'ijana vy'abitabiriye amatora ya kamarampaka yo ku wa 17 k'uno kwezi aribo batoye "Ego', "Oya" itorwa n'ibice 19,34, mu gihe amajwi yabaye imfagusa angana n’ibice 4,11, ayataho aharurwa nayo akagera ku bice 3,28 kw’ijana.

Umugambwe uru ku butegesti CNNDD-FDD urashima ivyavuye mu matora mu gihe urunani Amizero y’Abarundi rwari rwahimirije gutora "Oya", rutegekanya kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira asubirwemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG