Uko wahagera

CENI Yemeje ko EGO Yatsinze muri Kamarampaka mu Burundi


Pierre Clave Ndayicariye arongoye umurwi CENI
Pierre Clave Ndayicariye arongoye umurwi CENI

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rihinyanyuye.

Umukuru w'uwo murwi Pierre Claver Ndayicariye yemeje ko Ego yatowe ku bice 73.26 kw’ijana nayo Oya itorwa ku bice 19.84 kw’ijana. Ndayicariye avuga ko abitavye ayo matora ari ibice 96.24 kw'ijana.

Mu runani Amizero y’Abarundi bavuga ko batemera ivyo vyashikirijwe n'uyo murwi. Evariste Ngayimpenda icegera c’uwurongoye urwo runani yavuze ko bagiye kwitura ubutungane.

Umurwi CENI wamenyesheje ko gushika ubu ata mugambwe canke abigenga barawitura mu kwerekana ivyotuma ayo matora asubirwamwo. Ndayicariye arongoye uyo murwi aca arashima ko ayo matora yagenze neza mu kumenyesha ko uyo murwi urindiriye ibiharuro vy'abatoreye hanze y’igihugu kugira ushikane ibiharuro ntabanduka muri sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG