Uko wahagera

Ubulaya Ntibushima Uko Referendumu Yateguwe mu Burundi


Federica Mogherini, Intumwa y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya
Federica Mogherini, Intumwa y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya

Intumwa ikomeye y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Federica Mogherini avugira uwo muryango yatangaje kw’intambwe ya nyuma itegura referandumu kw’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye mu Burundi ibaye mu gihe iterabwoba n’ugukandamiza abanyagihugu bibandanya mu gihugu.

Mogherini avuga ko ivyo bishitse mu gihe ata kwumvikana kuhari hagati y’impande za politike zitandukanye mu gihugu.

Atangaza ko kuba abanyagihugu badafise amakuru ku ngingo nkuru nkuru zigize ibwirizwa shingiro rihinyanyuye hamwe n’ukugeramira igikorwa c’abamenyeshamakuru n’itangazamakuru bishobora kugira ingaruka ku mugambi werekeye referandumu.

Umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya urababajwe kandi n’ingingo iherutse gufatwa y’uguhagarika imirongo ya FM y'amaradiyo Ijwi rya Amerika na BBC.

Intumwa ikomeye y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Federica Mogherini, amenyesha ko uwo muryango wifatanije n’umurwango w’ibihugu vya Afrika ku kamo wateye kuko ibwirizwa shingiro ryohinyanyurwa impande zose zerwa n’ico kibazo zibigizemwo uruhara.

Amenyesha ko ukugene ibintu biriko biba muri iki gihe biciye kubiri n’utwigoro abahuza bariko bashira imbere tw’ibiganiro vya politike bihuza Abarundi bose.

Utwo twigoro turiko tugirwa n’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko n’umuryango w’ibihugu vya Afrika.

Mogherini avuga ko utwo twigoro dushigikiwe bikomeye n’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya usaba abategetsi b’igihugu c’Uburundi kwubahiriza amasezerano y’amahoro ya Arusha yagarukanye amahoro mu gihugu n’umutekano mu karere.

Umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya uvuga ko uzobandanya gukorana n’inzego mpuzamakungu, cane cane umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, umuryango w’ibihugu vya Afrika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu mu Burundi.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje kuvugana n'abategetsi ba reta y'Uburundi kugira bagire ico babivuzeko ariko ntiturashobora kubaronka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG