Uko wahagera

USA Ivuga ko Kamarampaka mu Burundi Itabayemwo Umuco


Heather Nauert, avugira departema ya reta y'Amerika niwe yasinye itangazo ku Burundi
Heather Nauert, avugira departema ya reta y'Amerika niwe yasinye itangazo ku Burundi

Reta zunze ubumwe z’Amerika, ivuga ko itunganwa rya kamarampaka mu Burundi ryabuzemwo umuco, rirangwa no guhagarika ibimenyeshamakuru, hamwe no gutera ubwoba abatora.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa mbere, Amerika ivuga ko nubwo Uburundi bwemereye abatavugarumwe na reta kwiyamamaza mu kiringo c’indwi zibiri cari cashinzwe, hagaragaye ugukubagurwa ku batemera ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu mezi yabanzirije amatora.

Ivyo Amerika isanga vyaratumye haba icuka c’ubwoba mu batora.

Iryo tangazo rivuga ko ata ndorerezi zigenga zabonetse mu gihe co gutangaza ivyavuye mu matora.

Amerika ivuga ko ibandanya ifise amakenga ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rizosobanurwa nko gusubiramwo ibijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

Amerika isaba umugambwe uri ku butegetsi kwisunga ivyo wemeye ku masezerano y’i Pretoria wasinye mu kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, harimwo kwubahiriza ivyo biringo. Ivuga kandi ko harimo izindi ngingo zahinyanyuwe ziteye kubiri no gusabikanya ubutegetsi kwemejwe mu masezerano y’i Arusha.

Ikindi Amerika inegura ni uguhagarika amaradiyo mpuzamakungu Ijwi ry’Amerika na BBC gusamiranira ku mirongo ya FM mu Burundi.

"Iyo ngingo co kimwe n’izindi zafatiwe ibindi bimenyeshamakuru, guhagarika abantu ata mitahe, gucira imanza abaharanira agateka ka muntu, vyerekana ko ata kwisanzura mu gushikiriza ivyiyumviro ku banyagihugu, ndetse n’ivya politike mu Burundi."

Amerika isaba Reta y’Uburundi kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bwo gushikiriza ikiri ku mutima, kureka bagatunganya amakoraniro, kandi bakiyunga mu mashirahamwe.

Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko ishigikiye Abarundi kandi ibipfuriza kazoza keza karangwamwo iterambere mu butunzi, umutekano hamwe n’ubwigenge ku banyagihugu.

Reta y'Uburundi yo ivuga ko amatora yabaye mu muco nubwo abatavugarumwe nayo basaba ko kamarampaka isubirwamo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG