Uko wahagera

Barasaba EAC Gusubiramwo Urubanza kuri Manda ya Nkurunziza


Maitre
Maitre

Igisata c’iyungururizo ca sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko categetse ko urubanza rwerekeye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu w’u Burundi Petero Nkurunziza rusubirwamwo rwose. Ni mugihe sentare ya mbere yari yavuze ko ata bubasha ifise bwo gusubiramwo ingingo ya sentare ijejwe ibwirizwa shingiro ry’Uburundi yahaye uruhusha Perezida Nkurunziza bwo kwitoza mu mwaka w’2015.

Umucamanza w’igisata c’iyungururizo muri sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yasomye urubanza yagize ati : « Mu bubasha duhabwa n’amategeko, dutegetse ko sentare isubiramwo urubanza rwose guhera mu mizi ».

Yongeye ati : « Habwirizwa gusuzumwa neza ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro mu Burundi yahonyanze canke itahonyanze amateko agenga umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu guha uburenganzira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bwo kwitoza mu mwaka w’2015».

Intango ya vyose ni urubanza rwashingishijwe mu mwaka w’2015, imbere yuko amatora aba mu Burundi. Hitwaye amashirahamwe yigenga abicishije mu runani rwayo mu karere, East African Civil Society Organisation’s Forum n’ayandi nk’urunani rw’abashingwamanza muri Afrika, Union Panafricaine des Avocats.

Yatanze ibirego muri sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko avuga ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutisunze amategeko.

Mu rubanza rwa mbere, iyo sentare yavuze ko ata bubasha ifise bwo gusubiramwo ingingo zafashwe n’amasentare y’imbere mu gihugu nka sentare y’Uburundi yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ico ni co catumye bunguruza urubanza mu gisata c’iyungururizo.

Uruhande rw’abitwaye barashima ingingo yasomwe. Naho atariho yari, Maitre Dieudonne Bashirahishize, yavuganye n’Ijwi ry’Amerika ku buhinga bw’ingurukanabumenyi.

N’uruhande ruserukira reta siho rwari. Yamara Ijwi ry’Amerika ryakuye Maitre Nestor Kayobera aburanira reta y’Uburundi muri urwo rubanza. Kayobera, yatwengejwe n’iyo ngingo. Ati isanze n’ibwirizwa nshingiro Perezida Petero Nkurunziza yagirizwa ko yarenze, ryarahindutse.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha muri Tanzaniya, Claver Niyonkuru yarukurikiranye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:24 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG