Uko wahagera

CNDD FDD Izokwitabira Ibiganiro vy'Amahoro i Arusha


Uyu ni Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD FDD mu Burundi
Uyu ni Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD FDD mu Burundi

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD FDD wemeza ko uzokwitaba ibiganiro vy’umuce wa gatanu bizobera hanze y’igihugu. Gusa CNDD FDD ukamenyesha ko ingingo zikomeye zijanye n’amatora zizopfundikirwa mu Burundi.

Mu mugambwe UPRONA ho bemeza ko hamwe umuhuza yotumira abandi biyitirira uyo mugambwe batazokwitaba ivyo biganiro. Ni mu gihe iyindi migambwe isaba ko ibiganiro vyimirije vyovamwo ivyumvikanywe ko ku neza y’Abarundi.

Imigambwe yose yemewe mu gihugu c’Uburundi yararonse ubutumire bw’ukwitaba ibiganiro bizobera Arusha muriTanzaniya mu mpera z’ukwezi kw’icumi 2018. Ni ku matariki ya 24 gushika 29 za kuno kwezi kw'icumi. Mu migambwe nka yose babona ko ivyo biganiro vyoba ivya nyuma. Mu mugambwe w’Umwani n’abagabo PMP Abagendarabanga babona ko abanyepolitike bazokwitaba ibiganiro boshira imbere inyungu z’Abarundi.

Eka no mu mugambwe UPD zigamibanga ni uko babibona. Uwurongoye asaba ko hokwigwa ibikenewe kugira amatora yimirije agende neza kandi ntihagire uwukumirwa ari naco cotuma aba nyepolitike bahunze batahuka kugira n’abo baje mu matora.

Kiretse imigambwe yemewe abandi batumiwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,abaserukira amadini abari mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi hamwe n’abaserukira abakenyezi naho badashima kuko bazesurukirwa n’umukenyezi umwe. Ibiganiro bitumirwamwo na bamwe mu banyepolitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bahunze igihugu kuva mu mwaka wa 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG