Uko wahagera

Burundi: Uwitoza Kuba Perezida Azotanga Ingwati ya Miliyoni 20


Inama nshingamateka y'Uburundi ishashe
Inama nshingamateka y'Uburundi ishashe

Inama nshingamateka yo mu Burundi, yize kuri uyu wa gatatu integuro y'itegeko rihinyanyura irigenga amatora.

Bishasha mu nteguro y'iryo tegeko, ni uko ingwati y'uwiyamamaza mu kibanza c'umukuru w'igihugu yiyongereyeko imiliyoni 5. Bisigura ko yavuye ku miliyoni 15 z'amarundi ija ku miliyoni 20.

Muri iyo mpinyanyuro nshasha kandi, amatora y'umukuru w'igihugu azobera rimwe n'ayo abashingamateka hamwe n'ayo abahanuzi b'amakomine.

Nayo kubijanye n'umukandida azokwifuza kwitoza nk'uwigenga, muri iyo nteguro y'iryo tegeko, asabwa ko aba amaze umwaka ata mugambwe arimwo kandi ko azoba amaze imyaka 2 ahagaritse kuba mu rwego nyobozi rw'umugambwe hamwe yoba yari arurimwo.

Ni mu gihe Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI watanguye ingendo mu ntara z’igihugu, guhimiriza abanyepolitike n’abanyagihugu gutsimbataza intwaro rusangi, kwitegurira neza batekanye amatora yo mu mwaka uza wa 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG