Uko wahagera

Ebola Yongeye Kwaduka muri Republika ya Demokarasi ya Kongo


Abantu bashika kuri 17 baranduye ingwara ya Ebola, imaze guhitana abarenga 10 kuva mundwi iheze muri Republika ya Demokarasi ya Kongo. Abategetsi batanze ano makuru bemeza ko abanduye bose ari abo mu ntara ya Equateur iri mu burengero bw’igihugu.

Ebola yongeye kwaduka muri Kongo, mu gihe ico gihugu gisanzwe kiriko gihangana n’ikiza c’indwara y’agasama yahitanye abantu barenga 6.000 hamwe n’ikiza c’umugera wa Corona kimaze guhitana abantu 112 mu gihe abantu barenga 4.800 bamaze kwandura uwo mugera.

Ikigo c’igihugu kijejwe ubushakashatsi mu vyerekeye ubuvuzi muri Kongo kimenyesha kandi ko mu gisagara ca Mbandaka, abantu 14 bamaze kwemezwa ko bafise Ebola mu gihe abandi 3 bakekwa nabo ko banduye.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ritangaza ko muri iyo ntara ya Bandaka abantu barenga 2 500 bamaze guhabwa urucanco rw'iyo ndwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG