Uko wahagera

RDC: Umurwayi wa Ebola Yatorotse Ivuriro Atarakira Aracaronderwa


Ikiza c’umugera wa Ebola gishobora kwongera kurandagata muri Republika ya demokarasi ya Kongo. Ni inyuma y’aho umurwayi mushasha atorokeye ivuriro, bituma utwigoro two guhagarika iyo ngwara tugorana. Ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu kw’isi, OMS kuri uyu w’Imana.

Mu gihe ico gihugu ca Kongo cari gisigaje imisi ibiri ngo gitangaze ko ikiza ca Ebola casezerewe burundu, abandi bantu batandatu bawanduye baciye bagaragara kw’itariki 10 z’ukwezi kwa kane. Ico gihe hari haheze hafi amezi atatu ata wundi muntu mushasha yanduye.

Icegera c’umukuru w’igisagara ca Beni, Muhindo Bakwanamaha yashikirije ko abategetsi gushika ubu batarafata uwo murwayi. Bafise ubwoba ko azoruhira gupfa kandi agasiga yanduje n’abandi benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG