Uko wahagera

MSF Yahagaritse Ibikorwa Vyayo vyo Kurwanya Ebola muri Kongo


Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaganga batagira imbibe,MSF (Médecins Sans Frontières), ritangaza ko ryahagaritse ibikorwa vyaryo vyo kugwanya ikiza ca Ebola mu karere k’ubuseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo.

MSF isigura ko yafashe iyo ngingo kubera hari imigwi y’abasirikare ba Reta ku mavuriro yaryo. Iryo shirahamwe risigura ko ivyo biteye kubiri n’amategeko yabo avuga ko bategerezwa gukora ataho begamiye kandi ata macakubiri bagira mu bikorwa vyabo.

Umuyobozi mu biro vy’imigambi n’ibikogwa vyihuta Trish Newport muri iryo shirahamwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ikibazo kihari catanguye kwibonekeza mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe inyuma y’ibitero vyagizwe n’abantu bitwaje ibigwanisho.

Muri ivyo bitero harishwe abaganga batatu harakomereka abandi batari bake. Inyuma y’ico gitero Reta ya Kongo yaciye irungika abajejwe umutekano muri ako karere gucungera iryo vuriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG