Uko wahagera

OMS: Intambara muri Kongo Zirabangamiye Ukurwanya Ebola


Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu, mu bikorwa vyo kurwanya Ebola.
Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu, mu bikorwa vyo kurwanya Ebola.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS rishikiriza ko umutekano muke hamwe no kutabasha gushika mu bice birimwo intambara muri Republika ya demokarasi ya Kongo bikiri intambamyi nyamukuru zo kurandurana n’imizi ikiza ca Ebola.

Raporo ya nyuma ya OMS yemeza ko abantu 3354 kugeza ubu ari bo banduye Ebola, barimwo 2218 yahitanye.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu bahagaritswe umutima n'uko intambwe zatewe mu kurwanya Ebola mu ntara z’uburaruko bwa Kivu na Ituri zishobora kuba imfagusa kubwo intambara z’imihari yitwaje ibirwanisho zikibandanya.

OMS ishikiriza ko uwo mugera warwanijwe mu duce 25 tw’izo ntara, kandi ko abantu bane kw’icumi ari bo bashasha bakiriwe mu ndwi ziheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG