Uko wahagera

RDC: Abandi Bantu 2 Basanganywe Umugera wa Ebola


Abanyagihugu bariko baracandagwa Ebola mu ntara ya Kivu yo mu buraruko mu mwaka uheze w'i 2019
Abanyagihugu bariko baracandagwa Ebola mu ntara ya Kivu yo mu buraruko mu mwaka uheze w'i 2019

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ryatangaje ko abandi bantu 2 banduye umugera wa Ebola mu ntara ya Equateur mu burengero bwa Republika ya demokrasi ya Congo. Iryo shirahamwe rimenyesha ko Ebola yatandukiye akarere gashasha kari ku bilometero 150 umuntu avuye igice cibonekeijemwo abantu batandatu bafise uwo mugera.

Ku musi wa mbere abategetsi ba Congo bemeje ibipimo vyerekana ko abantu 4 bahitanywe na Ebola mu gisagara ca Mbandaka kiri mu burengero bw’igihugu.

Congo yari yiteguriye gutangaza muri uku kwezi ko yaranduranye n’imizi Ebola. Ebola yaradutse mu gisagara ca Mbandaka mu mwaka w’i 2018. Abantu 33 barahitanywe n’iyo ndwara.

Ku musi wa gatatu, abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi bagera kuri 50 b’ishirahamwe OMS n’abandi bakorana barashitse mu gisagara ca Mbandaka bafise ibipimo 3.600 vy’incandago za Ebola hamwe n’ibindi bikoresho vy’ugupima uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG