Uko wahagera

OMS Igabisha ko Ikehaniwe Amafaranga yo Kurwanya Ebola muri RDC


Gucandaga Ebola mu gisagara ca Goma muri repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Gucandaga Ebola mu gisagara ca Goma muri repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS risaba uburyo bwihuta bw’imiliyoni 40 z’amadolari y'abanyamerika yo gufasha mu bikorwa vyo kurandurana n'imizi umugera wa Ebola mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Umuvugizi wa OMS, Tarik Jasarevic avuga ko kudafasha mur’ivyo bikorwa bishobora kubangamira utwigoro hamwe n’intambwe nziza ziriko ziraterwa mu kurwanya Ebola.

Mu mezi arenga abiri, Jasarevic avuga ko hagati y’abantu 3 na 15 bandura Ebola aribo bamenyekana buri ndwi.

OMS ivuga kandi ko igabanuka ry’ikwirakwira ry’uwo mugera n’igabanuka ry’abandura ari ivyo kwishimira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG