Uko wahagera

DRC: Inyuma y'Ukwezi Kurenga ata Wanduye Ebola, Umwe Yayanduye


Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS ryatangaje uno musi ku wa gatanu ko umuntu mushasha yemejwe ko afise umugera wa Ebola mu karere ka Beni, mu buseruko bwa Repubublika ya demokarasi ya Congo.

Ivyo bibaye imisi itatu imbere yuko vyari vyitezwe ko Reta ya Congo itangaza ko ikiza ca Ebola carangiye burundu mu gihugu. Akarere ka Beni ni ko kibonekejemwo cane Ebola.

Hari haheze imisi igera kuri 42 ata muntu vyibonekeje ko afise umugera wa Ebola muri Congo. Ingingo ya Reta ya Congo y’ugutangaza ko ikiza ca Ebola carangiye burundu mu gihugu yari itegekanijwe ku musi wa mbere.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti avuga ko ababajwe n’iyo nkuru y’umuntu mushasha yanduye Ebola.

Abakozi bajejwe amagara y’abantu muri Congo bari biteze ko ikiza ca Ebola kirangira mu gihugu mu gihe biteguriye ikindi kiza c’umugera wa Corona.

Abantu 2 baza bamaze kuvurwa ko bafise umugera wa Corona mu karere ka Beni. Ebola yahitanye abantu barenga 2.260 muri Congo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG