Uko wahagera

Urucanco Rugira Kabiri rwa Ebola Ruzogeragezwa muri Kongo


Abakongomani n'abakozi ba OMS aho batanguza isekeza ryo gutanga urucanco rwa Ebola hafi ya Beni muri Kivu y'uburaruko, RDC, itariki 08/08/2018.
Abakongomani n'abakozi ba OMS aho batanguza isekeza ryo gutanga urucanco rwa Ebola hafi ya Beni muri Kivu y'uburaruko, RDC, itariki 08/08/2018.

Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, abaganga bagiye kuzogerageza urucanco rugira kabiri rwa Ebola kuva mu kwezi kwa 11, mu ntara zitatu mu buseruko bw’ico gihugu.

Ni mu rugamba rwo kurwanya uwo mugera, nk'uko vyashikirijwe na Jean-Jacques Muyembe, arongoye ibikorwa vyo kurwanya Ebola muri Kongo.

Muyembe yavuze ko amakomine ya Majingo na Kahembe yacaguwe gutangurirwamwo guhabwa urwo rucanco kuko ni yo yasinzikaye kurusha ayandi.

Mu gihe rwokora neza, ruzoca rukoreshwa no mu ntara za Kivu y’ubumanuko na Ituri zihana imbibe na Uganda, u Rwanda hamwe n’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG