Uko wahagera

Dr Ilunga Yagirizwa Kunyuruza Amahera yo Kurwanya Ebola muri DRC


Muganga Oly Ilunga
Muganga Oly Ilunga

Uwahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo Oly Ilunga kuri uno wa kabiri yarungitswe kumvirizwa muri parike. Ni inyuma y’imisi itatu yari amaze mu minwe ya polisi yagirizwa kuba yaranyuruje amafaranga yari agenewe kurwanya Ebola.

Muri rusangi amafaranga muganga Oly Ilunga yagirizwa yababa imiliyoni zine n’inusu z’amadolari ya Amerika. Ivyagiriji abamuburanira bamirira kure basigura ko amafaranga yahawe kugira agwanye Ebola atarenga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana ane z’amadolari.

Ababuranira Ilunga bavuga ko ayo mafaranga yakoreshejwe ivyo yari abwirizwa gukora. Bemanga ko muri dosiye y’uwo baburanira bashizemwo ivyemezo vyerekana uko igiceri kimwe kimwe cakoreshejwe mu kiringo c’amezi cumi na kumwe.

Agihagarikwa, muganga Ilunga yagirijwe kuba yariko agerageza gusohoka Republika iharanira demokarasi ya Kongo kandi ubutungane bwamutegetse mu mpera z’ukwa munani kutarenga imbibe z’ico gihugu.

Oly Ilunga w’imyaka 59 yatanze imihoho mu mpera z’ukwezi kw’indwi, inyuma yaho Perezida Félix Tshisekedi yakiye ububasha ubushikiranganji yaramutswa bwo kuyobora umugambi wari ugamije kurwanya ikiza ca Ebola kimaze guhitana abarenga ibihumbi bibiri kuva mu kwa munani 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG