Uko wahagera

Umushikiranganji w'Amagara y'Abantu muri Kongo Yeguye


Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Kongo Oly Ilunga
Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Kongo Oly Ilunga

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Republika Iharanira Demokarasi ya Kong, Oly Ilunga, kuri uno wa mbere yatanze imihoho.

Ilunga yari amaze imyaka ibiri aramutswa ubwo bushikiranganji yasiguye ko yeguye kubera ingingo ya Prezida Felix Tshisekedi yo gushira mu minwe y'ibiro vyiwe ikibazo co kurwanya Ebola.

Mw’ikete ryo gutanga imihoho yanditse Ilunga yumvikanishije ko ababajwe no kuba atashoboye gukorana na Prezida hamwe n’umushikiranganji wa mbere mu twigoro two kugwanya ikiza ca Ebola.

Prezida Tshisekedi aza yamaze kugena mu mabanga uwuzotwara umurwi w'igihugu mushasha ujejwe kurwanya ikiza ca Ebola muri Kongo. Ico kiza kibangamiye ubuseruko bwa Kongo kuva kicaduka kimaze guhitana abarenga 1600.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG