Uko wahagera

OMS Yizera ko Vuba Ebola muri Kongo Izotuzwa


ebola
ebola

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ritangaza ko ikiza ca Ebola muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gisigaye gutuzwa mu karere gato ko mu buseruko bw’ico gihugu. Gusa, OMS ivuga ko ikiyihangayikishije ubu ari uko ako karere karangwamwo umutekano muke ubangamira ibikorwa vyo gukinga.

Mu kiganiro umukuru w’igisata kijejwe guhangana n’ibiza muri OMS, Michael Ryan, yahaye abamenyeshamakuru i Genève mu Buswisse inyuma y’urugendo yahoramwo muri Kongo, yavuze ko afise ivyizere vy’uko ico kiza vuba kizotuzwa burundu muri Kongo.

Michael Ryan yavuze kandi ko hagiye gutanguzwa urucanco rwa kabiri rwo gukinga Ebola. Urwo rucanco ruzotangwa mu burere ata Ebola ikivugwamwo nka Goma.

OMS itangaza ko kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’2018 abamaze guhitanwa na Ebola muri Kongo ari 2.144.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG