Uko wahagera

OMS Yagiriza Tanzaniya Guhisha Aboba Baranduye Ebola


Umuntu ari ahavurirwa abanduye Ebola i Bwera muri Uganda yafi y'urubibe na Republika iharanira demokarasi ya Congo, itariki 14/06/2019.
Umuntu ari ahavurirwa abanduye Ebola i Bwera muri Uganda yafi y'urubibe na Republika iharanira demokarasi ya Congo, itariki 14/06/2019.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, ryashikirije ku musi wa gatandatu ko reta ya Tanzaniya idashira ahabona amakuru y'abakekwa kuba baranduye umugera wa Ebola muri ico gihugu.

OMS yashikirije ko yaronse amakuru ko hari abantu batari bake banduye Ebola mu bice bitandukanye muri ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko kandi bashizwe mu bwiherero, harimwo n'i Dar es Salaam.

Ni mu gihe abategetsi mu bihugu vyo mu buseruko no hagati muri Afurika bameze magabo kugira bakinge ko Ebola yamamara mu karere, inyuma y’aho yadukiye muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, aho imaze guhitana abarenga 2,000 kuva mu kwezi kwa munani 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG