Uko wahagera

Abahinga Bagabisha Ku Ndwara y'Ikiza Ishobora Kwica Benshi


Abahinga mu vy’ubumenyi bari hafi yo gutorera inyishu indwara ya Ebola
Abahinga mu vy’ubumenyi bari hafi yo gutorera inyishu indwara ya Ebola

Abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu baragabisha ko indwara y’ikiza ishobora kugeramira amakungu ishobora kwaduka. Yamara ntibazi igihe iyo ndwara izokwadukirako.

Abajejwe amagara y’abantu bagabishije ku vyerekeye iyo ndwara y’ikiza muri iyi ndwi mu gihe abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bakoraniye mu nama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York.

Abo bahinga bavuga ko ico kiza gishobora gukwiragira kw’isi yose mu kiringo c’amasaha 36, kigahitana abantu bagera ku miliyoni 80. Batangaza kandi ko ico kiza gishobora gusinzikaza bikomeye ubutunzi kw’isi.

Umurwi w’abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu wigenga utangaza ko intambwe zikomeye zashitsweko mu vyerekeye ubuvuzi mu myaka itari mike irangiye. Batanze akarorero k’indwara ya Sida mu ntango iherezo ry’abayanduye kwari ugupfa.

Yamara batangaza ko muri iki gihe uburyo bw’ukuvura abafise iyo ndwara bwarahindutse, ubushakashatsi ku vyerekeye gutora urucandago kuri iyo ndwara bukaba butanga icizere.

Vyongeye haravugwa ko indwara ya malariya ishobora guhagarikwa burundu. Malariya yica abantu 500,000 kw’isi uko umwaka utashe, benshi muri bo abana.

Abahinga mu vy’ubumenyi bari hafi y’ugutorera inyishu indwara ya Ebola. Incadago kuri iyo ndwara ziriko zirakoreshwa ku bayanduye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Mbere y’izo ncandago, Ebola yica abagera ku bice 90 kw’jana vy’abantu bayanduye. Yamara ubu si ko ibintu bikiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG