Uko wahagera

Reta ya Tanzaniya na OMS Ntibumvikana kuri Ebola


Perezida John Magufuli wa Tanzaniya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rihagaritswe umutima n’abategetsi ba Tanzaniya badashikiriza amakuru y’aboba baranduye Ebola kandi risaba ko haba ugukorera ahabona kuri ico kiza.

Mu ndwi zibiri ziheze, OMS yararonse, ico yise raporo zitavuye ku butegetsi z’urupfu rw’umuntu ku murwa mukuru wa Tanzaniya, Dar es Salaam, yoba akekwa kuba yishwe na Ebola.

Kuva ico gihe, OMS ivuga ko yaronse amakuru ko umuntu w’imyaka 27 akekwa kwandura Ebola yashizwe mu bitaro, ariko nta makuru yavuye mu bipimo, ko yoba yaranduye canke atanduye.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kw’itariki 14 z’ukwezi kw’icenda, abategetsi ba Tanzaniya batangaje ko ata kiza ca Ebola cateye mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG