Uko wahagera

Uwa Kabiri Yagaragaye ko Yanduye Ebola muri Uganda


Umuforoma ariko ategura urucanco rwa Ebola, mu mihana ya Kirembo hafi y'urubibe na Republika iharanira demokarasi ya Kongo muri distrikte ya Kasese, Uganda, itariki 16/06/2019.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Uganda yaremeje ku mugoroba wo kuwa kane ko hari umwana w’umukobwa w’imyaka icenda yagaragaye ko yanduye Ebola yinjiye muri Uganda. Uwo mwana yaciye atwarwa mu kigo categuriwe abanduye Ebola muri distrikte ya Kasese mu burengero, nkuko amakuru ashikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kampala, Halima Athumani abivuga.

Mw’itangazo ryasohowe ejo kuwa kane, Dr. Joyce Moriku Kaducu, ajejwe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, yavuze ko uwo mwana yinjiye na nyina muri Uganda ava muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ku musi wa gatatu.

Abaye uwugira kabiri amenyekanye ko yanduye Ebola muri Uganda aturutse hanze y'igihugu. Mu kwezi kwa gatandatu, umwana w’umuhungu w’imyaka itanu yarapfiriye muri Uganda, inyuma yo kwinjira mur’ico gihugu n’umuryango wiwe bavuye muri Kongo, aho abantu barenga 1,800 bamaze gupfa bishwe na Ebola kuva mu kwezi kwa munani 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG