Uko wahagera

Uganda Yatanguye Gukoresha Urucanco rwa Ebola


Urucanco rVSV-ZEBOV
Urucanco rVSV-ZEBOV

Igihugu ca Uganda catangaje uno musi ku wa mbere ko catanguye gukoresha urucanco rushasha rukiriko rugeragezwa. Urwo rucanco rushobora kuzokoreshwa mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Bitegekanijwe ko igeragezwa ry’urucanco, “MVA-BN” rwatunganijwe n’isosiyete, “Johnson & Johnson” rimara imyaka ibiri.

Urwo rucanco ruzokoreshwa ku baganga n’abaforoma 800 mu karere ka Mbarara kari mu burengero bw’igihugu ca Uganda. Bivurwa ko igikorwa c’ugucandaga kiza caratanguye.

Urucanco ku ndwara ya Ebola rwakoreshejwe ubwa mbere ku gitigiri kinini c’abantu igihe iyo ndwara yiyadukiza muri Kongo.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bakoresheje urucanco, “rVSV-ZEBOV” rwatunganijwe n’isosiyete ikora imiti yo muri Amerika, “Merck”.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryasavye ko urwo rucanco rukoreshwa kurushiriza.

Urucanco, “MVA-BN” ruvurwa ko rukora neza kandi ko rwakoreshejwe ku bantu barenga 6.000 mu karere k’i Bulaya, Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibihugu vyo muri Afrika harimwo igihugu ca Uganda.

Urucanco, “rVSV-ZEBOV” rwakoreshejwe mu gihugu ca Guinee igihe ikiza ca Ebola ciyadukiza mu karere ko muri Afrika yo mu burengero hagati y’umwaka w’i 2013 n’umwaka w’i 2016. Ivyo vyatumye abahinga mu vyerekeye ubumenyi bavuga ko rwakoze neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG