Uko wahagera

Ebola Yoba Igiye Kuronka Umuti?


Umwana w'umuhungu ariko arahabwa urucanco rwa Ebola i Goma kw'itariki ya 07/08/2019.
Umwana w'umuhungu ariko arahabwa urucanco rwa Ebola i Goma kw'itariki ya 07/08/2019.

Imiti ibiri kuri ine iriko irageragezwa kugira ivure Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yerekanye ko ikiza kandi ko ari yo ikwiye guhabwa abarwayi.

Iyo miti yiswe REGN-EB3 na mAb-114, inyuma yo kugeragezwa yatumye abahinga bayigira iya mbere mu gukoresha ku barwayi muri Kongo, aho Ebola imaze guhitana ubuzima bw’abarenga 1800 ku mwaka.

Mu bantu bativuza barwaye Ebola, batatu kuri bane barapfa, nkuko bishikirizwa na dogiteri Michael Ryan yo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS.

Kuvura Ebola cabaye ikibazo ku bategetsi ba Kongo bivanye n’intambara hagati y’abenegihugu, kuko benshi bahitamwo kuguma mu mihana yabo iyo barwaye, bigatuma uyo mugera urandarara.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG