Yaranebaguwe kuba yaratebeje ivyerekeye gushiraho igisirikare c’igihugu, mu vyatumye abarwanyi bagira inguvu zikomeye
Erdogan yarashikirije amajambo atari make, ejo ku musi w’Imana, aho yasavye kw’abari mu myiyerekano bayihagarika
Raporo yasohots,e yerekana kw’ibibazo bibandanya kwibonekeza, ku vyerekeye ubutunzi bwa Amerika, mu gihe buriko butera bunaguka ,buvuye mu bibazo bikomeye bwagize, mu mwaka w’2009.
Erdogan yavuze kw’imyiyerekano iriko iba muri Turikiya, isa n’iyarenze ivyo amategeko arekurira.
Mu ma Raporo atandukanye yasohowe, uno musi ku wa gatanu,, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, n’ishirahamwe Amnesty International, ariko atangaza ko bwinshi mu bwicanyi bwabereye, mu buraruko bw’igihugu
Bulamatari w’intara ya Lower Shabelle, Abdikadir Mohamed Nur, yatangaje kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab, barashe iyo ndege itagira umudereva na missile zikorora indege, imbere yuko isambuka.
Ayo matora azoba abaye aya mbere, kuva abasirikare batembagaje prezida Amadou Toumani Toure, mu kwezi kwa gatatu, mu mwaka w’2012,
Umugambi w’uguha ivyo birwanisho, missile S-300 zijejwe kurasa indege, Reta ya prezida wa Syria, Bashar al-Assad, bizofasha igihugu ca Syria.
Prezida Bashir yatangaje, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, ejo ku musi wa mbere, kw’igihugu ca Sudani kizokwugara uwo muringoti, niyo Sudani yo mu bumanuko yaha infashanyo iyariyo yose abarwanya ubutegetsi, mu bice vyo ku rubibe
Kworohereza amadeni biri, mu mugambi w’igihugu ca Brezil, w’ugukomeza imigambi yerekeye iterambere, nk’amabarabara, uburimyi, n’imigambi ijanye n’ivyerekeye imibano, mu karere ka Afrika.
Abafasha ba McCain batangaje ko Senateri McCain yinjiye, mu gihugu ca Syria, avuye mu gihugu ca Turkiya
Ico gitero cabaye ku musi wa gatandatu ku mugoroba, ku biro vy’igipolisi, ku nkengera z’ahitwa Damajelay, hafi y’urubibe hagati y’igihugu ca Kenya na Somalia.
Mw’ijambo yashikirije ari I ruhande y’ibisigarira vy’ishule ntoyi mu gisagara ca Moore, ejo ku musi w’Imana, prezida Obama yatangaje bitoroshe kwumva ivyononywe n’ico gihuhusi kidasanzwe.
John Kerry, yamenyesheje ko yasavye Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, kuyobora umurwi w’abategetsi bagira imirimo y’ubudandaji, bafise imigambi y’ugutororokanya ayo mafranga
Abategetsi bava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada, Ubudagi, Ubufransa, Ubuyapani, Ubwongereza n’Ubutaliyano, bari bakoraniye ahitwa Hartwell House, hafi y’igisagara ca Londres.
Sharif ariko asaba imigambwe yose, mu gihugu ca Pakistani, kwifatanya nawe, mu gutorera inyishu ibibazo igihugu ca Pakistani gifise
Ivyo bitero vya bombe vyabaye, ejo ku musi wa gatandatu ,vyahitanye abantu mirongo ine na batatu, abandi barenga ijana barakomereka.
Prezida Obama yatangaje ko Amerika yiteguriye kwivuna Korea ya ruguru, n’ugutabara ibihugu bicuditse.
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarabonanye, ejo ku musi wa kabiri, I Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov.
Ico gitero cabaye imbere y’ubucagucagu kigizwe n'abarwanyi b’umurwi Boko Haram, ukorana n’umurwi al-Qaida
Voma ibindi