Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, na prezida wa Korea y’epfo, Park Geun-hye, Barerekanye ko Bari Hamwe, ku Vyerekeye Korea ya Ruguru


Prezida wa Amerika, Barack Obama na mugenziwe wo mu gihugu ca Korea y'epfo, Park Geun-hye, mu biro kwa prezida Obama, Maison Blanche I Washington, kw'italiki indwi z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013
Prezida wa Amerika, Barack Obama na mugenziwe wo mu gihugu ca Korea y'epfo, Park Geun-hye, mu biro kwa prezida Obama, Maison Blanche I Washington, kw'italiki indwi z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea y'epfo vyokwakira neza ihinduka ry’inyifato y’igihugu ca Korea ya ruguru, ku mugambi w’ico gihugu werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Yamara prezida Obama, yatangaje ko Amerika yiteguriye kwivuna Korea ya ruguru, n’ugutabara ibihugu bicuditse.

Mw’ijambo yatangarije mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa kabiri, ari kumwe na prezida wa Korea y’epfo, Park Guen-Hye, prezida Obama yatangaje ko Amerika na Korea y’epfo vyiteguriye ibiganiro, ku vyerekeye Korea ya ruguru, yamara ngw’ivyo bizosaba uguhindura inyifato kw’abategetsi ba Korea ya ruguru.

Yavuze kw'imisi aho Korea ya ruguru yashobora gutera ibibazo, kugira irondere kw’amakungu agira ivyo ayihebeye yarangiye, mu kuvuga ko Amerika na Korea y’epfo vyunze ubumwe bikomeye, mu gihe Korea ya ruguru itera yikumira mu makungu kurushiriza.

Ikiganiro prezida Obama yahaye abamenyeshamakuru, cabaye inyuma y’ibiganiro hagati yiwe na mugenziwe wa Korea y’epfo, kuri Korea ya ruguru, n’inyifato ico gihugu giherutse kwerekana, mu kugabisha gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda
XS
SM
MD
LG