Uko wahagera

Igisirikare c’Igihugu ca Mali, n’Abarwanya Ubutegetsi, Bagirizwa Ityozwa ry’Agateka ka Muntu Riherutse kuba


Abasirikare b'igihugu ca Mali
Abasirikare b'igihugu ca Mali
Amakuru mashasha atangaza kw’igisirikare c’igihugu ca Mali, n’imirwi irwanya ubutegetsi, yaririjwe ityozwa ry’agateka ka muntu riherutse kuba, mu gihugu ca Mali, harimwo gupfunga abantu mu buryo budakwirikije amategeko, gufata abantu bunyamwaswa, mu bihe bimwe na bimwe, kwica abanyagihugu.

Mu ma Raporo atandukanye yasohowe, uno musi ku wa gatanu, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, n’ishirahamwe, Amnesty Internationa,l ariko atangaza ko bwinshi mu bwicanyi bwabereye, mu buraruko bw’igihugu, aho igisirikare kiriko kigerageza gufata ibice biri mu minwe y’umurwi MNLA w’Aba Tuareg, bariko barondera kwiyonkora, ku gihugu ca Mali.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, ryatangaje kw’umurwi MNLA, wapfunze mu buryo butarekuriwe n’amategeko, abantu bagera kw’ijana mu ndwi iheze, benshsi muribo abantu bafise urukoba rwirabura, bava mu mirwi itari iyo mu bwoko bw’Aba Tuareg.

Ishiraghamwe, Human Rights Watch, ryatangaje kw’ivyabona bavuga ko bamwe mu bapfunzwe basahuwe, barakubitwa bikomeye.

Amashirahamwe, aharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, na Amnesty International, yatangaje ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, abasirikare b’igihugu ca Mali bafashe bunyamaswa, bongera bafata nabi, abantu mirongo ibiri na bane, canke barenga, bikekwa kw’ari abarwanya ubutegetsi, mu ntara ya Mopti, hagati mu gihugu ca Mali.
XS
SM
MD
LG