Uko wahagera

 
Igihugu ca Turkiya Catunze Urutoki Syria, ku Bitero Bibiri vy’Amabombe, Yari Yatezwe mu Modoka

Igihugu ca Turkiya Catunze Urutoki Syria, ku Bitero Bibiri vy’Amabombe, Yari Yatezwe mu Modoka


Abantu batwaye umupfasoni yakomeretse mu gitero ca bombe mu gisagara ca Reyhanli, hafi y'ububibe rwa Turkiya n'igihugu ca Syria, kw'italiki cimi n'imwe z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013
Abantu batwaye umupfasoni yakomeretse mu gitero ca bombe mu gisagara ca Reyhanli, hafi y'ububibe rwa Turkiya n'igihugu ca Syria, kw'italiki cimi n'imwe z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Turkiya, Ahmet Davutoglu, yatangaje kw’igihugu ca Turkiya gifise uburenganzira bw’ugufata ingingo izarizo zose, z’ukwishura ku bitero bibiri vy’amabombe yari yatezwe mu modoka, yagiriza igihugu ca Syria.

Ivyo bitero vya bombe vyabaye, ejo ku musi wa gatandatu, vyahitanye abantu mirongo ine na batatu, abandi barenga ijana barakomereka.

Ayo mabombe abiri, yari yatezwe mu modoka, yaturitse ejo ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Reyhanli, ku bilometero bikeyi umuntu avuye, ku rubibe n’igihugu ca Syria, mu ntara ya Hatay.

Nta numwe yiyitiriye ivyo bitero.

Yamara icegera c’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Bulent Arinsaid, yatangaje ko Reta ya prezida w’iguhugu ca Syria, Bashar al-Assad ariyo yikekwa, kuri ivyo bitero.

Intara ya Hatay, yakiye igitigiri kinini c’Abanya Syria, bahunze ingwano.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje kw’ivyo bitero vy’amabombe bibabaje cane, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri inyuma y’igihugu ca Turkiya.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, yariyamirije ivyo bitero, akaba yavuze kw’ata mpamvu nimwe ishobora gusigura, kurondera kwica abasivile.
XS
SM
MD
LG