Igihugu ca Mali kizogirisha amatora, kw’italiki mirongo ibiri n’umunani z’ukwezi kw’indwi, mu gihe ico gihugu kiriko kigerageza kuva mu ruhagarara rwa politike rubandanya.
Ayo matora, azoba abaye aya mbere kuva abasirikare batembagaje prezida Amadou Toumani Toure, mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’2012, yatumye abarwanyi b’Aba Islamu bafashe uburaruko bw’igihugu.
Inteko ziyobowe n’Ubufransa, zaratujije abo barwanyi b’Aba Islamu, mu bice bari bafashe, yamara Reta y’igihugu ca Mali ihanganye n’ibibazo bitari bike, mu gihe amatora yimirije kuba.
Ingwano mu buraruko bw’igihugu, yakuye mu vyabo Abanya Mali ibihumbi amajana n’amajana, aba Tuareg bashaka kwiyonkora kuri Mali, bakaba bafise igisagara gikomeye ca Kidal, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.
Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho impunzi, HCR ryatangaje, ejo ku musi wa kabiri, ko rizoshigikira utwigoro tw’ukwandika abazotora, mu makambi y’impunzi z’Abanya Mali, mu bihugu vya Burkina Faso, Niger, Mauritaniya na Algeria.
Umutegetsi w’igihugu ca Mali, muri iki gihe, Dioncounda Traore, yatangaje ko haba we, canke abandi bagize Reta abaribo bose, kw’ata numwe muribo azokwitoza, mu matora yimirije kuba muri Mali.