Uko wahagera

Umutegetsi Mukuru w’Igisirikare c’Igihugu ca Libya, Yaratanze Imihoho


Abarwanyi mu gihugu ca Libya
Abarwanyi mu gihugu ca Libya
Umutegetsi mukuru w’igisirikare c’igihugu ca Libya, Youssef al-Mangoush, yaratanze imihoho, inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’abari mu myiyerekano, n’abarwanyi bashigikiye Reta, guhitanye abantu mirongo itatu n’umwe, mu gisagara ca Benghazi, mu buseruko bw’igihugu ca Libya.

Ubwo bwicanyi bwadutse, ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, igihe abari mu myiyerekano, mu gisagara ca Benghazi, binjira mu kibanza c’abarwanyi b’Aba Islamu, bahamwe amafranga na Reta, kugira bafashe kwubahiriza umutekano.

Abari mu myiyerekano, bariko basaba kw’abo barwanyi bashira ibirwanisho vyabo hasi, bakubahiriza ubutegetsi bw’inteko zijejwe umutekano z’igihugu ca Libya.

Umutegetsi mwukuru w’igisirikare c’igihugu ca Libya, Youssef al-Mangoush, yari ayoboye abo barwanyi yaratanze imihoho, ejo ku musi w’Imana. Yaranebaguwe kuba yaratebeje ivyerekeye gushiraho igisirikare c’igihugu, mu vyatumye abarwanyi bagira inguvu zikomeye.

Igoplisi n’igisirikare bizera kuri abo barwanyi, kugira bifashe ku vyerekeye umutekano mu gihugu.
XS
SM
MD
LG