Uko wahagera

Abashikiranganji Bajejwe Ikigega, b’Ibihugu Bigize Umurwi G7, Baraganiye Ivyerekeye Gukomeza Ukunaguka kw’Ubutunzi kw’Isi


Abashikiranganjai bajejwe ikigege b'umurwi G7 Bariko barabonana
Abashikiranganjai bajejwe ikigege b'umurwi G7 Bariko barabonana
Abashikiranganji bajejwe ikigega b’ibihugu indwi ziteye imbere kurusha ibindi, mu vy’ubutunzi, bizwi kandi kw’izina rya G7, vyararangije inama y’imisi ibiri, aho vyemeye kw’ingingo z’ugupfundika umukanda zitegerezwa kujana, n’imigambi ijejwe gukomeza iterambere mu butunzi.

Abategetsi bava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada, Ubudagi, Ubufransa, Ubuyapani, Ubwongereza n’Ubutaliyano, bari bakoraniye ahitwa Hartwell House, hafi y’igisagara ca Londres.

Abo bategetsi barumvikanye kandi, ku kamaro k’ugutora uburyo bw’ugutorera inyishu ibibazo amabanki afise, n’ugukorera hamwe, kugira batume amashirahamwe n’abantu ku giti cabo, batareka kuriha amatagisi.

Umushikiranganji ajejwe ikigega w’Ubwongereza, George Osbone, yatangaje kw’ibihugu bigize umurwi G7 vyumvikanye, ku gikorwa nkenerwa c’ugufatira ingingo hamwe, kugira bitorere inyishu ikibazo c’ukwirinda kuriha amatagisi.

Abari mu nama y’ibihugu bigize umurwi G-7, batangaje ko, gukomeza iterambere ry’ubutunzi, ari igikorwa nyamukuru, muri iki gihe amasoko y’amafranga asa n’ayatekanye.
XS
SM
MD
LG