Uko wahagera

Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir, Yaragabishije Kwugara Umuringoti Utwara Ibitoro, Ubivanye muri Sudani yo mu Bumanuko


Prezida wa Sudani,Omar al-Bashir
Prezida wa Sudani,Omar al-Bashir
Prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, yaragabishije kwugara umuringoti utwara ibitoro, ubivanye muri Sudani yo mu bumanuko, ukabijana mu buraruko, mu kuvuga ko Sudani yo mu bumanuko ishigikiye abarwanya ubutegetsi.

Prezida Bashir yatangaje, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, ejo ku musi wa mbere, kw’igihugu ca Sudani kizokwugara uwo muringoti, niyo Sudani yo mu bumanuko yaha infashanyo iyariyo yose abarwanya ubutegetsi, mu bice vyo ku rubibe vya Kordofan yo mu bumanuko, na Blue Nile, no mu ntara ya Sudani irimwo ibibazo ya Darfur.

Ivyo Prezida Bashir yabitangaje, ari kumwe n’abategetsi b’abasirikare, inyuma yuko igisirikare gitangaje ko casubiye kwigarurira igisagara ca Abu Kershola, cari mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, mu ntara ya Kordofan yo mu bumanuko.

Sudani na Sudani yo mu bumanuko vyarumvikanye, ku vyerekeye gusubira kurekurira ibitoro kuva, mu bumanuko bigaca mu buraruko, mu kwezi kwa gatatu, yamara umwuka mubi hagati y’ivyo bihugu bibiri, bimaze igihe bidacana uwaka, warasubiye kwiyongera.

Abarwanya ubutegetsi barateye ibisagara vyo mu ntara za Kordofan yo mu buraruko, na Kordofan yo mu bumanuko, mu kwezi kwa kane.

Sudani yatangaje kw’abarwanya ubutegetsi, baronka infashanyo itanzwe na Reta yo muri Sidani yo mu bumanuko, ivyagirizo Sudani yo mu bumanuko ihakana.

Ivyo bihugu bibiri ntivyacanye uwaka, kuva Sudani ironse intahe y’ukwikukira, mu mwaka w’2011, inyuma y’ingwano yamaze imyaka itari mike, n’igihugu ca Sudani.
XS
SM
MD
LG