Igisirikare c’igihugu ca Nigeria, catangaje kw’abarwanyi b’Aba Islamu amajana abiri bagize igitero, mu gisagara ca Bama, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, ejo ku musi wa kabiri, cahitanye abantu mirongo itanu na batanu, harimwo abapolisi, abategetsi bajejwe, amabohero n’abasivile.
Umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria, Sagir Musa yagirije abarwanyi b'umurwi Boko Haram ukorana n'umurwi al-Qaida, kuri ico gitero cabaye, imbere y’ubucagucagu, akaba yavuze kw’ico gitero cari cerekeye igisagara ca Bama, kiri hafi y’urubibe n’ibihugu vya Cameroun na Chad.
Musa yatangaje kw’abantu bitwaje ibirwanisho binjiye, mu gisagara ca Bama, bari mu makamyo, inyubakwa z’amakambi y’igisirikare, n’inyubakwa za Reta zikaba zaraturiwe, mu gitero camaze hafi y’amasaha atanu.
Avuga kw’abarwanyi cumi, abapolisi mirongo ibiri na babiri, n’abana batari bake bari mu bapfuye, kandi kw’abarwanyi bagize ico gitero, mu gisagara ca Bama, barekuye abanyororo barenga ijana.
Umurwi Boko Haram ,uriko urondera gushiraho Reta ya ki Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria ,niwo wagirijwe gitero cabaye, mu kwezi kwa kane, mu mihana y’ahitwa Baga, iri ku kungera z’ikiyaga Chad.