Uko wahagera

Umuhuza w'Abarundi Benjamin Mkapa Asa n'Uwatanze Imihoho


Umuhuza mu matati y'Abarundi Benjamin Mkapa
Umuhuza mu matati y'Abarundi Benjamin Mkapa

Ibiganiro vy'Abarundi vyari bimaze iminsi itanu bihuza abanyepolitike batavuga rumwe na Reta n'umuhuza mu matati y'Abarundi, Benjamin Mkapa, kuri uno wa mbere vyasozerewe i Arusha muri Tanzaniya.

Umuhuza Benjamin Mkapa mu gusezera abanyepolitike bari bitavye ubutumire bwiwe yababwiye ko ahejeje akazi yari yahawe n’abakuru b’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko.

Mkapa yavuze ko ikigiye gukurikira ari ugishikiriza icegeranyo c'ivyavugiwe Arusha inama y'abakuru b'ibihugu vya EAC hamwe n'umuhuza mukuru ari we perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni.

Abanyepolitike batavuga rumwe na Reta bitabiriye ivyo biganiro babwiye Ijwi ry'Amerika ko umuhuza asa n'uwatanze imihoho kuko asozereye ibiganiro ata muti utomoye ubonetse. Abo banyepolitike basaba ko haboneka abandi bahuza.

Ntibiramenyekana nimba ibi biganiro vya gatanu bibaye ivya nyuma koko nk'uko vyakomeje kuvugwa. Gusa, umuhuza yasavye ko hatunganywa inama rukokoma y'abakuru b'ibihugu vy'akarere ka EAC ku kibazo c'Uburundi.

Mu rwandiko rw'abanyepolitike bari bamaze iminsi bahura na Mkapa basavye ko umuryango w'ubumwe bwa Afurika wofata mu minwe ikibazo c'Abarundi hakongera hakaboneka abahuza bashasha. Abo banyepolitike bagirije Benjamin Mkapa na Yoweri Museveni ko "bafashe minenerwe ikibazo c'Abarundi".

Reta y'Uburundi n'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, ntibitabiriye ivyo biganiro. Basiguye ko ukwezi kw'icumi ari ukwezi Uburundi bwibukamwo incungu ya Demokarasi, Melchior Ndadaye, n'uwarondeye intahe yo kwikukira, Ludoviko Rwagasore.

Mu kiganiro umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi, Prosper Ntahogwamiye, yahaye Ijwi ry'Amerika ku wa kane yavuze ko ibizofundikirwa mu biganiro vyasozerewe kuri uno wa mbere bizokwega abavyitabiriye, Reta ataco bizoba biyirabako.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG