Uko wahagera

Arusha: Nta Mukono ku Masezerano y'Abarundi


Urwandiko rwashizwe ahabona n’Umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin Mkapa yarutangiye mu nama ya bose yamaze iminota 25 kuri uyu wa kane. Mw’ijambo ryiwe yashikirje ko ababajwe no kubona intumbero yiwe yariyiteze itashitsweko n’abo banyepolitike b’Abarundi. Yemeje ko yari yiteze ko bayaga maze bagahuriza ku kintu kizima cotuma amahoro agaruka mu Burundi. Yatangaje ko atamasezerano ahari abo banyepolitike bazoterako umukono.

Muri urwo rwandiko rwa Mkapa, abo banyepolitike harivyo batumvikanako. Ntibumvikana kuvyerekeye ihinduka ry’ivyirizwa nshingiro. Gusa, umuhuza avuga ko ari ngombwa ko babihurizako vuba.

Berekanye kandi ko batumvikana ku vyerekeye guharura no gufungura abafungiwe ivya politike kuva muri 2015. Ikindi batuvikanako n’icerekeye gukuraho imitahe mpuzamakungu y’ubutungane yarungikiwe bamwe mubatavugarumwe na reta. Abo banyepolitike ntibumvikana ko hobaho ikigongwe c’ikivunga.Ikindi batumvikana ko n’ukwaka ibirwanisho abanyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha cane cane urwaruka n’imigwi y’abarwanyi yafashe ibirwanisho.

Ntibumvikana kandi kuvyerekeye kubahiriza amategeko y’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro harimwo no kugira imyiyerekano, amana no gushinga amashirahamwe yigenga.

Abo banyepolitike ntibumvikana no kucerekeye guhindura amategeko amwamwe mu nama nshingamateka kugira ntihagire amategeko yega ubuzima bw’igihugu atorwa n’abari mumugambwe ufise abashingamateka benshi.

Ikibazo c’ingene inzego z’umutekano zifata mu gucungera umutekano naco ntibagihurizako. Ntibumvikana no kuvyerekeye ibiganiro vyoba hagati ya reta n’imigwi yafashe ibirwanisho n’ivyerekeye ingene hoshirwaho icuka ciza ca politike. Ikindi cabonetse ko batumvikanako n’ingene reta iriko iracungera amatungo y’abahunze cane cane abanyepolitike bakomeye.

Iruhande y’ivyo batumvikanako, umuhuza Benjamin Mkapa yerekanye n’ivyo abo banyepolitike bashoboye guhurizako. Icambere n’uko bemera kandi bizera umuhuza n’umufasha wiwe. Barahuriza kandi ko amasezerano ya Arusha yo mu mwaka w’ 2000 ari umushinge w’amahoro, umutekano n’iterambere. Bemera bose ko impari zihari ari iza politike kandi ko zibwirizwa gutorerwa umuti wa politike kandi ko amagume ahari yatanguye mu mwaka w’2015 yagize ingaruka mbi kubuzima bwose bw’igihugu.

Abarundi bari Arusha barahuriza ko hakwiriye kuvaho umugenzo wo kudahana ivyaha mu Burundi, ko hakwiye guhagarikwa amajambo abiba urwanko iyava hose. Ikindi n’uko bumvinaka ko hajaho urupapuro rw’inzira rutegura amatora meza yo mu mwaka w’2020, atekanye, yitabwe kandi yizewe na bose akaba mumuco.

Abo banyepolitiki n'abandi bahagarariye Abarundi baremeranya kandi kukubahiriza agateka ka zina muntu, gukomeza imigambwe no kunga iyacitsemwo amashami, gukomeza intwaro rusangi na demokarasi.

Barahurizamwe ko hakwiye gusubira kunagura imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’amakungu hamwe rero no gushiraho umugambi utomoye wo gutahukana impunzi no guzisubiza muvyazo.

Urwandiko rwa Perezida Benjaim Mkapa, rw’impapuro 7 mu congereza, rwaciye ruhabwa abo banyepolitike, abaserukira amashirahamwe yigenga hamwe n’amashengero kugira barabe ko haricokongerwamwo. Mkapa yatangaje ko ata biganiro “Negociation” vyabaye ahubwo cari ikiyago “Dialogue” kugira abatumiwe bose babone kumwe ibihanze igihugu n’inyishu vyotorerwa.

Bitegekanijwe ko urwandiko rwanyuma ruboneka kuri uyu wa gatanu. Umuhuza avugako azoca arurungikira umuhuza mukuru ariwe Perezida w’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni hamwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko Uburundi burimwo. Yemeje ko abo aribo bazofata intumbero yanyuma.

Vyari bitegekanijwe ko haza n’abakuru b’ivyo bihugu kuri uyu wa gatanu, umunsi wanyuma w’ibiganiro. Gusa, basivye kuko atamasezerano azoterwako umukono.

Umenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha kuri Tanzaniya, Pierre Claver Niyonkuru, ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG