Uko wahagera

Urunani CNARED Rusanga Ibiganiro vy'i Arusha Ari Inkinamico


 Dr. Jean Minani, yaraye asubiye gutorwa mu mabanga yo kurongora urunani CNARED
Dr. Jean Minani, yaraye asubiye gutorwa mu mabanga yo kurongora urunani CNARED

Kuva ku wa mungu itariki 26 gushika itariki 8 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, Abarundi barakoraniye I Arusha mu biganiro birongowe n’umuhuza mpuzamakungu Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya.

Ivyo biganiro vyaritabwe n’abarundi bari mu mirwi, amashirahamwe hamwe n’imigambwe itandukanye, irimwo imigambwe ihurikiye mu runani rutavuga rumwe na reta, CNARED. Yamara abarongoye urwo runani, bagwiriyemwo ababa mu bihugu vyo mu mahanga mur’iki gihe, ntibitavye ivyo biganiro, naho benshi muribo bari baronse ubutumire ku giti cabo.

Dr. Jean Minani yaraye asubiye gutorwa mu mabanga yo kurongora urunani CNARED, avuga ko hakwiye kuba ibiganiro nyakuri bihuza Reta y’Uburundi hamwe n’urunani arongoye. Ni mu vyo yaganiriye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije

please wait

No media source currently available

0:00 0:06:32 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG