Uko wahagera

Inzitizi Ziracari Nyinshi mu Biganiro Bihuza Abarundi


Bamwe mu bari baritabiriye ibiganiro vy'ubuheruka
Bamwe mu bari baritabiriye ibiganiro vy'ubuheruka

Ibiganiro bihuza Abarundi birabandanya I Arusha muri Tanzaniya.

Ubu hariko haronderwa abantu babiri bazofasha umuhuza kurongora inama ya bose kuri uyu wa mbere. Hamaze kuboneka amazina ane.

Babiri muribo batanzwe n’uruhande rwa reta, abandi babiri bizewe n’abatavugarumwe na reta. Ariko uruhande rumwe ntirwemera abatanzwe n’urundi ruhande.

“Inama ya bose yo kuri uyu wa mbere n’inkoramutima. Niy’izovamwo urukiza canke urupfu rw’ibiganiro vyose”. Uko niko umwe mubanyepolitike b’Abarundi yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Niyo nama ya mbere ya bose izoba ibaye kuva ibiganiro bibaye. Izotuma impande zose zihanganye amaso mu yandi.

Muri iyo nama bazoca hirya no hino ivyegeranyo bimaze gutangwa n’imigwi itandukanye nk’intandaro y’amabi yabaye mu Burundi hamwe n’umuti wotererwa.

Uwo mu nyepolitike utifuje ko Ijwi ry’Amerika rivuga izina ryiwe yemeje ko inzandiko zabo zitandukanye nk’umurango n’ijoro.

Mu majambo yiwe yagize ati : “turavye ivyatanzwe n’uruhande rurimwo reta n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, n’uko ibintu vyose bimeze neza mu gihugu. Kuvyerekeye ivyatanzwe n’uruhande rutavugarumwe na reta navyo vyerekana intandaro y’indyane za politike, ingaruka mbi hamwe n’umuti urama vyotorerwa.”

Muriyo nama ya bose, umuhuza Benjamin Mkapa yifuje ko abo banyepolitike bokwitorera abantu babiri muribo bizeye kugira bamufashe kwegeranya ivyiyumviro.

Uruhande rurimwo umugambwe uri kubutegetsi, reta n’abandi barikumwe bifuza ko abo bantu babiri boba Edouard Nduwimana umuhuza w’imbere mugihugu, na Musenyeri Justin Nzoyisaba yararongoye umugwi w’ibiganiro vyabereye hagati mu gihugu c’Uburundi.

Ariko abatavugarumwe na reta ntibemera abo bagabo. Babagiriza ko bakorera ubutegetsi n’umumugambwe CNDD-FDD.

Urwo ruhande narwo rutavuga rumwe na reta, rwatanze amazina abiri: Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye bose bahoze batwara Uburundi.

Abonabo nyene ntibemerwa n’uruhande rw’ubutegetsi, ruvuga ko Ntibantunganya na Ndayizeye atawokwemera ko ataho bahengamiye kuko kubw'urwo ruhande, abo bashingantahe bashaka ubutegetsi. Bati, n'ikimenyamenya , nuko bari abakandika mu kibanza c’umukruu w’igihugu mu matora yo mwaka w’2015, arinayo yateye impari.

Abo banyepolitike bavuga ko aho bigeze umuhuza ariwe azocagura abantu babiri muri abo bane batanzwe n’impande zose.

Kuri uyu wa mungu kandi, babandanije guca hirya no hino ivyegeranyo vyatanzwe n’impande zitandukanye kubibazo umunani nkoramutima vyatanzwe n’umuuza.

Icibonekeje n’uko icegeranyo c’uruhande rwa reta cateweko umukono n’imigambwe 18 hamwe na reta.

Ic’imigabwe itavugarumwe na reta naco kiriko imikono y’imigambwe 16.

Uretse abo mu runani CNARED rutavuga rumwe na reta bahunze Uburundi batarashika, hari n’abaserukira ishengero rya katolika bataraza kandi bari batumiwe. Abari muri ivyo biganiro bavuga ko ari agahaze.

Basigura ko ishengero katolika rikomeye mu gihugu kuko rifise abakirisu benshi barenga ibice 85 ku ijana vy’Abarundi. Bemeza kandi ko iryo shengero ryari ryamye ryitaba ibiganiro nkivyo kuva ku masezerano ya Arusha yabonetse mu mwaka w’2000.

Ico bikoze, kuri uyu wa mungu hitezwe gushika umukuru w’umugambwe uri kubutegetsi Evariste Ndayishimiye kugira azoje mu nama ya bose kuri uyu wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG