Uko wahagera

Umuhuza Mkapa Yatangiye Kwakira Ibitekerezo by'Amashyirahamwe


Benjamin Mkapa, umuhuza w'Abarundi
Benjamin Mkapa, umuhuza w'Abarundi

Kuri uyu wa gatandatu niho hatanguye imibonano ihuza umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin Mkapa hamwe n’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike.

Umuhuza yabatumiye mu ntumbero yo kwegeranya ivyiyumviro bizotwarwa mu biganiro nyezina bizoba ku ndwi iza. Icibonekeje n’uko igice kinini c’abatumiwe bava mu Burundi batitavye.

Amashirahamwe yigenga adaharanira inyungu za politike, urwaruka, abakenyezi n’amashengero yatumiwe n’umuhuza ni hafi 20.

Harimwo ababa mu Bururndi n’abandi bahunze igihugu.

Ku munsi wa mbere w’iyo mibonano, ibiro vy’umuhuza vyasanze igice kinini c’abatumiwe bava mu Burundi batitavye. Amwe mu mashirahamwe yasivye ni nk’urunani PISC-Burundi, CAPES+ n’abandi.

Kw’izina ry’amwe muri ayo mashirahamwe, Hamza Venant Burikukiye yabwiye Ijwi ry’Amerika ari I Bujumbura ko ico gice c’ibiganiro categuwe nabi.

Yamara abitavye bobo siko babibona. Gabriel Rufyiri atwara ishiramwe Olucome, abona ko abadashaka kwitaba ibiganiro aribo bafatiye Abarundi amaboko mu mugongo.

N’imana nkuru y’urwaruka mu Burundi ntiyitavye ivyo biganiro. Eraste Nzosaba ayitwara yarungikiye urwandiko umuhuza amusaba guhindura isango. Ikindi urwo rwaruka rusaba n’ukuzokubahiriza ibiri mu butumire hakavugwa ivyerekeye amatora yo mu mwaka w’2020 gusa.

Gushika ubu ntawuramenya intererano zimaze gutangwa n’abo baserukira amashirahamwe bitavye kuko umubonano wabo n’ibiro vy’umuhuza uriko urabera mw’ibanga ntangere.

Ico bikoze, imbere y’uko binjira mu nzu y’inama, bamwe muri bo babwiye Ijwi ry’Amerika ko bashimikira ku mabi n’ubwicanyi vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015, abafungiwe ivya politike, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, gutahukana impunzi n’ibindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG