Uko wahagera

Arusha: Mkapa Ntiyashoboye Guhuriza Hamwe Abarundi


Umuhuza mu matati y'Abarundi Mkapa
Umuhuza mu matati y'Abarundi Mkapa

Igikorwa cari kirindiranywe igishika n’abatari bake kuri uyu wambere mu biganiro bihuza Abarundi , cari ic'uguhuriza hamwe abanyepolitike mu nama ya bose, bagahangana amaso muyandi ku bibazo nkoramutima.

Bimwe muri ivyo bibazo, ni ibibazo bijanye n’umutekano,ishirwaho ya reta y’ubumwe,ihinyanyurwa ry'ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha, ubutunzi, imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, ikibazo c’impunzi n’ibindi.

Umuhuza Benjamin Mkapa, yari yategekanije kandi guhura mw'ibanga n'abanyepolitike batanu baserkira reta n’umugambwe uri kubutegetsi, batanu, baserukira abatavuga rumwe na reta hamwe n’abahoze ari abakuru b’igihugu babiri aribo Domitien Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya, ariko ntivyakunze.

Kugera ino saha, nta wuramenya igituma Mkapa atashoboye guhura n'abo banyepoltike. Ico bikoze, ibiro vy'umuhuza vyasiguye ko icasibije inama ya bose , ari uko ivyo biro vyiriwe biregeranya , vyongera bihindura mu congereza inzandiko zatanzwe n'abanyepolitike .

Reta n’imigambwe iyishigikiye , mu rwandiko rwabo, bashimangiye ko hari hakwiye kwigwa uburyo amatora yo mu mwaka w’2020 yotegurwa neza hisunzwe urupapuro rw’inzira abanyepolitike bumvikanyeko mu ntara ya Kayanza mu mwaka w’2013.

Ku vyerekeye ibwirizwa nshingiro, umutekano no gushiraho umugwi utegura amtora, urwo ruhande rwa reta rweretse umuhuza ko ari ibibazo biraba ubwigenge bw’igihugu.

Ikindi reta yiyemeza ni ugusubira kubahiriza amasezerano ya Arusha no gushiraho icuka ciza kigarukana umwizero mu banyepolitike.

Ku vyerekeye ishirwaho rya reta yojamwo abatavugarumwe nayo baba abahunze n’abatahunze, reta isigura muri urwo rwandiko ko kwoba ari uguhonyanga ibwirizwa nshingiro rigenga igihugu.

Ku kibazo c’impunzi, reta yashikirije ko amakambi y’impunzi yahindutse aho gukorera imyimenyerezo ya gisirikare kugira barwanye igihugu cabo.

Reta ivuga ko atabanyepolitike bazokurikiranwa n’ubutungane kiretse abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, ubutungane bwamaze kwerekana.

Reta yifuza ko ino ndwi yohera ibiganiro biherana n’iyi ndwi hanyuma bigatahukanwa kubandaniriza mu Burundi.

Gushika ubu umuhuza ntanakimwe aravuga kuri urwo rwandiko rwa reta y'Uburundi.

Amakuru Ijwi ry'Amerika ryaronse, yemeza ko inama ya bose yasivye kuri uyu wa mbere izoba ku musi w'ejo isaha zitatu z’agatondo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG