Uko wahagera

Umuhuza Mkapa Avuga ko Yananiwe Kumvikanisha Abarundi


Benjamin Mkapa umuhuza mu matati y'Abarundi
Benjamin Mkapa umuhuza mu matati y'Abarundi

Ibiganiro bihuza Abarundi vyuguruwe icese I Arusha muri Tanzaniya mu gatondo k’uno wa kane. Ni ibiganirro vyatanguye Reta n’umugambwe uri ku butegetsi batarimwo.

Umuhuza mu matati y’Abarundi, Benjamin Mkapa, ahejeje kugurura icese ivyo biganiro yabwiye abanyepolitike bavyitabiriye ko ababajwe n’uko Reta y’i Bujumbura yanse kwitaba ubutumire bwiwe.

Mkapa yashimangiye ko yagerageje gukora uko ashoboye kwose yitwaje ububasha afise kugira agondoze Reta ngo ipfume irungika n’umuntu umwe ayiserukira ariko biramunanira.

Mu ijambo ryo gutanguza icese ivyo biganiro, Benjamin Mkapa, yasiguriye abamwitavye ko Reta hari n'amananiza yamusavye. Muri yo harimwo guhabwa urutonde rw’abazokwitaba bose ivyo biganiro n'uko ibiganiro vyoshimikira ku rupapuro rw'inzira rutegura amatora rwashizweho n’abanyepolitike bari mu Burundi mu kwezi kwa munani.

Mkapa yavuze ko iyo ngendo ya Reta igayitse kandi yerekana ko ata kimenyetseko na kimwe kihari c’uko Reta ifise ishaka ryo kwitaba ivyo biganiro. Umutama Mkapa w’imyaka 80 y'amavuko yabwiye abamwitavye ko icizere ca nyuma agifise kuri bo, abasaba gukora ibishoboka kugira haboneke urupapuro rw’inzira ruganisha ku matora meza yo mu 2020 yizewe kandi yemewe n’akarere n’amakungu ku neza y’Abarundi bose.

Mkapa yasozereye ijambo ryiwe ryo gutanguza icese ibiganiro bigira gatanu avuga ko ari ibiganiro vya nyuma. Yavuze ko akazi yahawe n’abakuru b’ibihugu ba Afrurika y’ubuseruko ko kugerageza guhuza Abarundi gaheze.

Inkuru yategwue n'umunyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG