Uko wahagera

ARUSHA: Abanyepolitike b'Abarundi Bumvikanye ku Rupapuro rw'Inzira


Bamwe mu banyepolitike b'Abarundi mu biganiro i Arusha
Bamwe mu banyepolitike b'Abarundi mu biganiro i Arusha

Ibiganiro bihuza abanyepolitike b’Abarundi birakomeje i Arusha muri Tanzaniya.

Kuri uyu wa gatandatu, abo banyepolitike bahaye urwandiko umuhuza rurimwo urupapuro rw’inzira ruganisha ku matora meza yo mu mwaka w’2020.

Yamara, bose bavuga ko ari nko guta umwanya kuko umuhuza asa n’uwamaze gutanga imihoho kandi reta n’uruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD atariho bari.

Naho ibiri muri urwo rwandiko Ijwi ry’Amerika ritashoboye kubimenya vyose, bamwe mu banyepolitike bavuga ko ari urupapuro rw’inzira ruganisha ku matora meza, atekanye, yitabwe na bose kandi ateguwe n’umugwi wumvikanyweko na bose.

Ikindi n’uko habwirizwa gufatwa ingingo zituma umurundi wese yishira akizana, amahoro akagaruka, impunzi zigatahukanwa, imigambwe ikagira ubwigenge n’ibindi.

Naho bahurije kuri urwo rupapuro rw’inzira, bavuga ko rushobora kutagira ikimazi kuko ari urw’abatavugarumwe na reta gusa.

Zenon Nimubona, atwara umugambwe PARENA, yitavye avuye i Bujumbura, avuga ko umuti urama ari uko abahagarikiye amasezerano ya Arusha bosubira kwerekana ko batagomba guheba Uburundi, bafasha gutegura amatora atari nkayabaye.

Ku ruhande rw’abakenyezi, Marie Louise Baricako avuga ko barushe kwama batumirwa ariko ibiganiro nyezina ntibibe.

Urunani CNARED rutavuga rumwe na Reta rworwo rubona ko aho abagabo bakoraniye hatabura ikivamwo naho hatarimwo intererano z’uruhande rwa Reta, umugambwe uri ku butegetsi n’iyindi migambwe bicuditse.

iKBitegekanijwe ko kuri uyu wa mungu ari ho hazoba inama ya bose kugira bace hirya no hino urwo rupapuro rw’inzira barikumwe n’umuhuza Benjamin Mkapa hamwe n’abamufasha muri ico gikorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG