Uko wahagera

Uburundi n'u Rwanda Vyoba Bigiye Kunagura Imigenderanire?


I Bubamfu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Albert Shingiro, i buryo uwujejwe imigenderanire y'u Rwanda n'ayandi makungu Vincent Biruta

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Albert Shingiro, n’uwujejwe iy’u Rwanda n’ayandi makungu, Vincent Biruta, bahuriye mu nama ku mupaka wa Nemba ugabura ivyo bihugu bibiri.

Itangazo ryasohowe inyuma y’uwo mubonano rigashirwako umukono n’abo bashikiranganji babiri, rivuga ko inama hagati y’abo bategetsi yabaye ku busabe bw’Uburundi. Riragira riti: “ Ku busabe bw’Uburundi, umushikiranganji Biruta yakiriye mugenzi we w’Uburundi Shingiro mu rugendo rwiwe rw’akazi.”

Uwo mubonano wari ugamije kuraba uko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu wifashe n’ingene wosubira kuba nka mbere nkuko iryo tangazo ribandanya ribivuga. Abo bashikiranganji uko ari babiri, bose bemeranije ko kuva mu 2015 icuka kitabaye ciza, gutyo babicishije muri iryo tangazo bavuga ko biyemeje kuzobandanya bagira imibonano nk’iy’uno munsi mu ntumbero yo kwongera kugira umubano mwiza, bavuze ko wamye uranga ivyo bihugu.

Mu kiyago abo bategetsi bagiranye ari babiri gusa biherereye, umushikiranganji ajejwe imigenderanirey’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro yahaye urwandiko reta yiwe yarungikiye reta y’u Rwanda, Ministre Biruta nawe aha urwo u Rwanda rwarungikiye reta y’Uburundi. Ibiri muri izo nyandiko ntivyatangajwe.

Umubonano w’izo mpande zibiri waheze Albert Shingiro atumiye mugenzi we w’u Rwanda kumusubiriza mu ndumane, akaza kugendera Uburundi nkuko nawe yabigize.Ni ubutumire Vincent Biruta yemeye kuzokwitaba mu minsi iri imbere, itariki babaka bavuze ko bazoyimenyesha biciye mu nzira ya diplomasiya.

Kuva imvururo zatewe na manda ya gatatu y’umuhisi Pierre Nkurunziza mu 2015 zaduka, Uburundi n’u Rwanda birabana ay’ingwe. Uburundi bwagiriza u Rwanda guha indaro abahatswe gutembagaza ubutegetsi, u Rwanda narwo rukavuga ko Uburundi bubitse abagizi ba nabi batera u Rwanda.

Aba bategetsi uko ari babiri ni bo ba mbere bo mu nzego zo hejuru babonanye amaso mu yandi kuva umubano waba mubi. Gusa, Mu kwezi kw’umunani, abajejwe iperereza ku rwego rwa gisirikare ku ruhande rw’ibihugu vyose barahuriye mu nama kuri uyo mupaka nyene wa Nemba.

Abanyagihugu Ijwi ry’Amerika ryabajije ico bibaza kuri uno mubonano biciye ku rubuga rwacu rwa Facebook, ahanini bavuze ko bawitezemwo umuti urama ku matati hagati y’u Rwanda n’Uburundi. Basanga kwongera kubana neza kw’ivyo bihugu bizotuma bidegemvya mu bihugu vyose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG