Uko wahagera

Amnesty International Isaba Uburundi Kwaka Ibirwanisho Imbonerakure


Bamwe mu rwaruka rw'imbonerakure kumwe na polisi mu 2015, biruka inyuma y'abari mu myiyerekano mu Kinama

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw'isi, Amnesty International, ryasohoye kuri uyu wa kabiri ku mugoroba ibintu cumi rivuga ko Reta y'Uburundi ibikoze yonagura igisata c'agateka ka zina muntu.

Birimwo uguhana abagirizwa amabi, ukwaka ibigwanisho urwaruka rw'imbonerakure, ugushira ahabona ivyashikiye abantu banyurujwe, ukurekura abafungiwe ivyiyumviro vyabo, ugushiraho icuka gituma abahunguka bagira icizere, ugutunganya ibiganiro bizima hamwe no kunagura imigenderanire n'amakungu.

Mu rwandiko rwayo, Amnesty International rimenyesha ko mu myaka itanu iheze hibonekeje ihungabana n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu buryo bukabije mu Burundi. Ritanga uturorero tw’ubwicanyi ndengera butungane, abantu baburirwa irengero, abafungirwa ubusa hahonyanzwe amategeko, uguhohotera abantu no kubaboreza igufa.

Amnesty International yemeza ko imigwi yagirijwe aya mabi ahanini ari urwego rw’iperereza, igipolisi n’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD Imbonerakure. Uwo muryango usigura ko reta nshasha ibwirizwa gushira iherezo kuri aya mabi mu gushengeza mu butungane abayagirizwa.

Ukudahana ni co kintu kiza kw’isonga vy’urutonde rw’ibintu cumi Amnesty International yashikirije Reta kugira yihutire guhindura, hagakurikira ukwaka ibigwanisho urwaruka rwa CNDD FDD. Iryo shirahamwe ryemeza ko kuva mu mwaka w’i 2014, Imbonerakure zahawe ibigwanisho zinashirwa mu ma komite y’umutekano kandi ko zica zigakiza. Kubwawo, ntaho vyabonetse ko umugwi ufise umugambwe wegamiye uhabwa uruhara mu gucungera umutekano.

I ruhande y’ibi, iri shirahamwe rinasaba Reta kwerekana canke kugaragaza ivyashikiye abantu bagiye baranyuruzwa mu bihe bitandukanye kuva muri 2015, ukurekura abafungiwe ivyiyumviro vyabo, uguteza imbere agateka k’umukenyezi vyihutirwa. Amensty isaba kandi ugushiraho icuka ciza gituma abahunguka bisanga, ugushiraho ibiganiro bizima, ukurondera ukuri n’ubutungane na cane cane guhagarika igikorwa umugwi CVR watanguye co kuzura ibisigarira vy’abantu bishwe muri kahise bigakorwa hubahirijwe ubugombe bw’abanyagihugu bose n’amategeko mpuzamakungu yo kubika ibisigarira vy’abantu. Ibindi ni ukubahiriza uburenganzira bwo kwivuza hamwe no kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu.

Rachel Nicholson, umushakashatsi ku bibazo vy’Uburundi n’u Rwanda muri Amnestsy International yizera ko Reta ishize inguvu mu bisata ishirahamwe akorera ryadomyeko urutoki ata nkeka hoba impinduka. Uwu mupfasoni yemeza ko yizeye ko abategetsi bashasha bazokurikiza ivyo basavye yibutsa ko aka kagohe kadakorewe ubutegetsi bw’iki gihe gusa.

Kugeza ubu, Reta y’Uburudi ntaco irashikiriza kuri runo rwandiko. Ariko aja mu mabanga kuwa 18 ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka, prezida Evariste Ndayishimiye yarerekanye aho ahagaze ku bantu, amashirahamwe n’ibihugu bafise ivyo basaba igihugu ciwe na cane cane mu gisata c’agateka ka zina muntu.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu yunyutse muri 2015. Ico gihe nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitoreje ikindi kiringo cateye impari. Imyiyerekano n’ihirikwa ry’ubutegetsi vyakurikiye vyaburijwemwo maze abantu bagera ku bihumbi 500 barahunga nk’uko ONU yabisiguye, abagera kuri 1200 baricwa. Amwe mu mashirahamwe n’ibihugu n’ubu bikaba bicagirizwa n’Uburundi ko bishaka gusenyura inzego zitorewe n’abanyagihugu mu gushigikira abagwanya ubutegetsi.

Kuwa 27 ukwezi kw’icumi 2017, Uburundi cabaye igihugu ca mbere cisokoye mu masezerano agenga sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI inyuma y’uko iyo sentare ifise icicaro I La Haye mu Buholande, muri 2016 yugururiye amatohoza y’ibanze ku vyaha vy’ubwicanyi, ukuboreza igufa abantu, ukubanyuruza n’ugufata ku nguvu abakenyezi bivugwa ko vyakozwe kuva mu kwezi kwa kane 2015 hatangura imyiyamamazo yo kugwanya no kwiyamiriza ikindi kiringo ca nyakwigendera Nkurunziza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza

Amnesty International Ibindi Isaba Uburundi ni Ibiki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG