Uko wahagera

Imbonerakure Zagirizwa Guhohotera Abo Zatoje Amafaranga y'Amatora


Lewis Mudge
Lewis Mudge

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Right Watch, ryagiriza urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD FDD kuba rwarahohoteye abanyagihugu mu kubatoza interarano y'amatora yo mu 2020.

Human Rights Watch mu cegeranyo yasohoye kuri uyu wa gatanu ivuga ko abantu batswe amafaranga y'umurengera, abandi barakubagurwa gushika naho bafungwa, mu gihe abandi bambuwe amatungo yabo canke bazibirwa kuronswa serevisi za Leta hakigerekako abategetswe ku nguvu kuja kubaka ingoro za CNDD FDD nk'igihano c'uko batarishe.

Muri iyo raporo yitiriwe ”Abana bacu bicwa na kigoyi kubera guterera” Ijwi ry’Amerika ryabonye ivuga uburyo n’inzira nyinshi Abarundi basabwe gutanga intererano y’amatora y’umwaka uza. Yibutsa ko izo ntererano zatangishijwe hagati y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2017 n’ukwa cenda 2019.

Human Rights Watch yibutsa ko urugo rwose rwasabwa ibihumbi bibiri vy’amafaranga y’amaraundi, umunyeshure afise imyaka yo gutora agatanga igihumbi mu gihe abakozi ba Leta n’ibisata biyishamitseko bayakatwa ku mishahara buri kwezi.

Muri ico kiringo c’imyaka ibiri hafi, iryo shirahamwe riharanira ubwigenge bwa kiremwa muntu ryagiriza bamwe mu bajejwe intwaro n’urwaruka rw’imbonerakure kuba barikitse mu kiza baka” impano” n’amafaranga ata tegeko na rimwe riyagenga.

Human Rights Watch isigura ko amatohoza yakoze yerekeye intara 13 kuri 18 zigize Uburundi n’Abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi. Mu Burundi kubera abakozi bayo batemerewe kuja ku rubuga bavuganye n’abantu kuri za telephone.

Abacuruza batobato co kimwe n’abadandaza hari abavuze ko batanze incuro 25 zose z’ayo basabwa ariko bagahabwa reçu y’ibihumbi bibiri bitarenga. Hari n’abatanze incuro nyinshi mu kwezi kumwe.

Ku va mu ntango z’umwaka w’i 2018 naho, imbonerakure zagirizwa kuba zikitse inyuma y’ububasha bwo gutoza intererano y’amatora mu gutera ubwoba abanyagihugu, ukubakubita, ukubambura ibimfungurwa n’ibitungwa no kubategeka kubaka ingoro z’umugambwe uri ku butegetsi.

Lewis Mudge, atwara Human Rights Watch muri Afrika yo hagati avuga ko ibi bisa n’ugutuma abantu baba abaja ba CNDD FDD.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Imbonerakure Zagirizwa Guhohotera Abo Zatoje Amafaranga y'Amatora
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:42 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG