Uko wahagera

ONU Isaba Perezida w'Uburundi Kwitandukanya n'Ubutegetsi Bwahahora


Doudou Diene arongoye umurwi wa ONU ujejwe gutohoza ku Burundi
Doudou Diene arongoye umurwi wa ONU ujejwe gutohoza ku Burundi

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi uhamagarira Perezida w’ico gihugu gufata ingingo za mbere zerekana ko ubutegetsi bwiwe butandukanye n’ubwahahora, uwo mugwi wagiriza ko bwahonyanze bikomeye agateka ka zina muntu.

Umunya Senegal Doudou Dienne arongoye uwo mugwi ugizwe n’abahinga batatu, mu kiganiro cihariye n' Ijwi ry'Amerika yavuze ko zimwe mu ngingo zihuta bifuza ko zifatwa na Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye zirimwo ukugabanya ku rugero ruboneka ibikorwa bihohotera agateka ka zina muntu, uguhana abagirizwa amabi atandukanye, harimwo urwaruka rw’Imbonerakure n’abandi bafatanije ibikorwa vyo kubangamira agateka ka zina muntu.

Ikindi ONU yipfuza ni ukureka abantu bakishira bakizana baba abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abandi bifuza gushikiriza ivyiyumviro no kugira ama nama, gukorana neza n’amakungu cane cane gusubira kwugurura ibiro vy’igisata ca ONU c’agateka ka zina muntu, gufungura abamenyeshamakuru bafunzwe nk’ab’ikinyamakuru Iwacu n’abandi bafungiwe ivyiyumviro vy’abo.

Bimwe mu Vyo ONU Isaba Perezida Mushasha w'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:46 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG