Uko wahagera

Ligue Iteka: Abarenga 65 Barishwe mu Mezi Atatu Aheze mu Burundi


Abapfasoni baririra uwabo yagandaguwe mu mvururu zo mu 2015
Abapfasoni baririra uwabo yagandaguwe mu mvururu zo mu 2015

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu “Ligue Iteka” ryashize ahabona icegeranyo c’ingene agateka ka muntu kari kifashe mu mezi atatu ya mbere yo muri uno mwaka.

Abantu barenga 60 barishwe, ibiziga 38 biratorwa, abagore 15 barafatwa ku nguvu, abarenga 200 na bo barafungirwa ubusa.

Mu gihe, Uburundi bugiye kwinjira mu matora, “Ligue Iteka” ibona ko imforo ari uko amabi nk’ayo azokongerekana ku murindi wo hejuru, mu ntumbero yo kunumya uwohirahira akavuga ibitagenda neza mu gihugu.

Abakekwako aya mabi ni bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’inzego z’umutekano.

Ico bikoze, umugambwe uri ku butegetsi wamirira kure abagiriza urwaruka rwawo guhonyanga agateka ka zina muntu.

N’amashirahamwe akorera mu gihugu avuga ko ibiri muri bene izo raporo bifise intumbero yo gucafuza igihugu gusa.

Yamara ibiri muri raporo ya “Ligue Iteka” ntibitandukanye n’ibiri muri raporo za ONU ku Burundi.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Ligue Iteka: Abarenga 65 Barishwe mu Mezi Atatu Aheze mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG