Uko wahagera

DRC Yemereye Uburundi Gutuza Imirwi Irwanya Ubutegetsi Bwabwo


Marie Tumba Nzeza, umushikiranganji w'imigenderanire ya Kongo n'ayandi makungu, kumwe n'umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Marie Tumba Nzeza, umushikiranganji w'imigenderanire ya Kongo n'ayandi makungu, kumwe n'umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Ibihugu vy'Uburundi na Republika iharanira demokarasi ya Kongo vyemeranije ko bigiye kwagwaniriza hamwe imigwi yitwaje ibirwanisho na cane cane iy'Abarundi iri mu buseruko bwa Kongo. Vyatangajwe n'impande zose inyuma y'urugendo, Marie Tumba Nzeza, umushikiranganji w'imigenderanire ya Kongo n'ayandi makungu yari amazemwo iminsi ibiri mu Burundi.

Uwo mupfasoni yashimangiye ko igihugu ciwe kitazigera kibera intambamyi Uburundi kandi ko kitazigera cemera guha indaro imirwi ihungabanya umutekano w’Uburundi. Yibukije ko hari inzego, ibisata n’amahuriro hagati y’ibi bihugu bibiri hamwe n’ibindi bihuriramwo n’ivyo mu karere ariko bikeneye kunagurwa no gukomezwa kurusha ku bw’inyungu z’Uburundi na Kongo hatibagiwe akarere kose.

Marie Tumba Nzeza yemeje ko imigenderanire y’Uburundi n’igihugu ciwe yatosekaye bitumwe n’ukwikekana, gutyo abizeza gukemura ico kibazo agira ati: " Ngire ndabizeze ko Republika ya demokarasi ya Kongo yabaye ikirimbiro ry’imigwi y’abavukagihugu n’abanyamahanga mu buseruko bwayo itazigera iba ubwihisho canke ngo ihe indaro iyo migwi na cane cane iy’Abarundi”.

Albert Shigiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ahejeje kwakira umutumire wiwe nawe yavuze ko ivyo bumvikanyeko ari ngirakamaro rwose.

Imwe muri iyo migwi y’Abarundi iri mu buseruko bwa Kongo cane cane mu ntara ya Kivu y’ubumanuko ni FNL itwarwa na generali Aloys Nzabampema hamwe na Red Tabara, umugwi umaze imisi wemanga ibitero vyakozwe ahatari hake ku butaka bw’Uburundi.

Uru rugendo umushikiraganji ajejwe imigenderanire ya Kongo n’ayandi makungu, arugize mu gihe mu kwezi guheze hasibijwe incuro zibiri zose inama yari guhuza abakuru b’ibihugu vya Kongo, Uburundi, u Rwanda, Uganda na Angola. Ni inama yari itegekanijwe kubera I Goma ku mugwa mukuru wa Kivu y’amajaruguru. Muri iyi nama hari kuvugirwamwo ingene hotuzwa imigwi y’abanyekongo n’abanyamahanga ihungabanya umutekano muri co gihugu no mu bihugu bibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG