Uko wahagera

Red Tabara Ivuga ko Yakenyereye Kurwanya Reta y'Uburundi


I Bugarama mu ntara ya Rumonge ahaherutse kuvugwa i gitero ca Red Tabara
I Bugarama mu ntara ya Rumonge ahaherutse kuvugwa i gitero ca Red Tabara

Umuhari Red Tabara wamenyesheje ku mugaragaro ko ugiye kugwanya reta y'Uburundi ukoresheje inguvu, ugasaba Abarundi kuwushigikira. Mw'itangazo uwo muhari wasohoye, wagirije reta y’Uburundi ko kuva mu 2015 " yica abarundi ahanini bigakorwa n'urwaruka rw'imbonerakure".

Red Tabara Imenyesha ko kugeza uno musi abantu birirwa baratorwa ibiziga mu berekanye ko badashigikiye ubutegetsi bwa CNDD-FDD, abandi bagafungwa ataco bazira kiretse gusa kutayoboka reta. Uwo muhari nkuko iryo tangazo ryateweko umukono na Patrick Nahima awuvugira ribivuga rimenyesha ko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yaba ay’abarundi canke nvamakungu, amaradiyo yigenga ata kibanza bagifise mu Burundi.

Uwo muhari umenyesha kandi ko hampande yayo mabi akorerwa abarundi, igihugu kiri mu bukene ntangere bakamenyesha ko ari ibitera soni kubona igihugu c’Uburundi ari ica mbere gikenye kw’isi ariko kikaba kirongowe n’abatunzi karuhariwe.

Kubera ivyo vyose, Red Tabara imenyesha ko yahisemwo gufata ibigwanisho kugira ikingire abarundi inabasaba kwifatanya nayo mugutembagaza reta "idakunda abo irongoye". Uwo muhari umenyesha ko abagwanyi bawo imbere yo kwinjira mu gisirikare cabo barahira ko batazohohotera aba sivile kandi ko bazokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu akingira kiremwa muntu.

Red Tabara isaba amakungu gushigikira amahoro mu Burundi ntiyame atera ivyatsi gusa amabi abera mu Burundi. Mugihe uwo muhari umaze kwemanga ibitero vyabereye i Bugarama mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bw’igihugu kw’igenekerezo rya 23 ukwezi kw’umunani n’ivyabereye i Matongo mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’igihugu kw’itariki 11 za k'uno kwezi, twahamagaye colonel Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi, terefone yiwe yahamagara ariko ntiyatwitaba. Twamwandikiye no ku murongo wiwe wa whatsapp tumubaza nimba uwo muhari wa Red Tabara bawuzi, ko reta y’Uburundi yoba yiteguriye kuwutuza, ubwo butumwa twamurungikiye biraboneka ko bwamushikiriye ariko naho nyene ntiyatwishuye.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Desire Hatungimana

Red Tabara Yagiriza Iki Ubutegertsi bwo mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:16 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG